Biroroshe kwigana n’abatagira ubumuga utabona canke utumva?

blind and deaf children
Image caption Umwe mu bafise ubumuga bwo kutabona mw'ishure rya Lycee Notre Dame de la Sagesse, i Gitega

Abana bavukanye ubumuga bwo kutabona no kutumva barigana n’abandi banyeshure harimwo n’ishure rya Lycee Notre Dame de la Sagesse i Gitega, ahatanguriye uwo mugambi, ubu hari bene abo banyeshure 69.

Ku banyeshure barenga amajana umunani baryigako, harimwo 30 bagendana ubumuga bwo kutabona na 39 bagendana ubwo kutumva.

Image caption Philbert Ngendalkumana, abafasha akoresheje ibimenyetso avuga ko bafise ingora z'amamashini yo kwandika ivyo bize

“N’ubwo ibitabo vyanditse mu buhinga bwa braille bukoreshwa mu gusoma no kwandika ku bafise ubumuga bwo kutabona, nta mashine bafise zo kwimura ivyo umwigisha aba ariko arabaha,” ivyo bishikirizwa na Philbert Ngendakumana, afasha abo banyeshure akoresheje ibimenyetso.

Image caption Regis Bigirindavyi afise ubumuga bwo kutabona avuga ko batari ku rugero rumwe n'abandi bana, kuko bafise umwigisha umwe

Regis Bigirindavyi, afise ubumuga bwo kutabona, avuga ko “ ku muntu umwe afasha bene abo banyeshure kuri buri shure, abo bafise ubumuga bwo kutabona ntibashobra kugendera ku rugero rw’abandi, ivyo bikabagira ko ingaruka”

N’abaneyeshure bagendana ubumuga bwo kotumva ntaco babasumbije. Mw’ishure bafise uwubasobanurira mu bimenyetso umwe gusa aguma ahagaze kuri buri cigwa cose.

Umuyobozi wa Lycee Notre dame de la sagesse Patiri Elia Sakubu avuga ko ishure baritoye ngo rigeragerezweko uwo mugambi rititeguye.

Image caption Patiri Elia Sakubu arongoye ishure rya Lycee Notre Dame de la Sagesse

„Iri shure baritoye kuba akarorero rititeguye, uburaro, inzira, amashure, ibikoresho,... vyose nta cahindutse” uko ni ko Patiri Elia Sakubu avuga.

N’aho bafise ingorane zo gukurikira co kimwe n’abandi, abo bana bagendana ubumuga bwo kutabona no kutumva, bizeye kuzogira kazoza keza.

Image caption Abona bipfuza gukora imyuga inyuranye harimwo no kuba abaririmvyi rurangiranwa

Hari abizeye kuzoba abacamanza, abamenyeshamakuru n’abaririmvyi rurangiranwa, mbere ngo bakaba bimirije gusohora urukurikirane rw’indirimbo.