Ugucanamwo ku kugenzura inkoho mu ba democrates

amerika Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abitoza mu kibanza ca prezida muba democrates, Bernie Sanders, Hillary Clinton na Martin O'malley

Abitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu mugambwe w’aba democrate, bacanyemwo ku kibazo co kugenzura ibirwanisho n’umugambi wo kuvuza abantu, mu kiganiro co guharira ku migambi cabaye kuri television.

Hillary Clinton, yasuzuguye ibikorwa vya Bernie Sanders mu kugenzura inkoho, aca anavuga ko n’umugambi w’amagara y’abantu ashira imbere ushobora gutuma kudahura n’amategeko aherutse gushirwaho.

Sanders yagirije Clinton ko ari igikoresho c’abatunzi, bafise uruhara mu ngorane z’ubutunzi zadutse mu 2008.

Mu gihe Clinton ari we aza imbere mu gihugu cose, Sanders aramugeramiye mu mareta afise amajwi menshi.

Amasaha make imbere y’uko ico kiganiro gitangura mu South Caroline, Sanders, umukenguzamateka w’intara ya Vermont, yari yashikirije umugambi w’amagara y’abantu, kubanye Amarika bose.

Iki kibaye ikiganiro ca nyuma c’abitoza ku ruhande rw’abademocrates, imbere y’ikoraniro ry’I Iowa itariki ya mbere ukwezi kwa kabiri, aho hazogenwa uwuzoserukira aba democrate mu matora y’umukuru w’igihugu.

Uwahoze arongoye intara ya Maryland, Martin O’Malley, aza ubugira gatatu inyu,ma ya Clinton na Sanders, na we nyene yari yitavye ico kiganiro, aho guterana amajambo ku giti kwabo kwabaye guke.