Ikimanga hagati y'abakire n'abakene kiriyongera

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty

Oxfam yemeza ko ubutunzi bw'abantu batarenga miriyoni 70, burenze ubwa abasigaye bose muri miriyaridi indwi z'abatuye isi.

Icegeranyo ca Oxfam kigaragaza ikimanga hagati y'abakene n'abakire, cerekana ko abatunzi 62 bonyene, barusha ubutunzi ibice 50% vy'abatuye isi, n'ukuvuga miliyaridi 3.6.

Oxfam imenyesha ko abatunzi b'isi biyegeranirijeko ubutunzi buharurwa mu miriyaridi 7.500 (canke $ 7,500.000.000.000) babicishije mu gukwepa gutanga amakori.

Mu gihe ubutunzi bungana n'ubwa ica kabiri c'abatuye isi buri mu minwe y'abantu 62 gusa, mu mwaka wa 2010, ubutunzi bwa 50% y'abatuye isi bwari mu minwe y'abantu 388.

Iryo shirahamwe rihamagarira amareta guhagurukira ikibazo co kudatanga amakori.

Miliyaridi 500 ($ 500.000.000.000) z'ayo mafaranga ngo ziri mu minwe y'abatunzi bo ku mugabane wa Afirika, ivyo ngo bigatuma Afirika itakaza miliyaridi 14 ($ 14.000.000.000) buri mwaka aciye mu kudatanga amakori kwa bamwe bamwe.

Bisaba ko umuntu aba afise nk'amafaranga $68,800 (£48,300) kugira aharurwe mu abtunzi 10% ba mbere kw'isi.

Nayo ageze muri $760,000( 533,000) akaba ari mu bagize 1% c'abatunzi kw'isi, n'ukuvuga ko nimba ufise inzu igereranye utakiriko urarihira ideni mu muji uzinvye nka Londres, ushobora kuba uri muri 1% c'abatunzi ba mbere kw'isi.

Ibi biharuro vya Oxfam hari aho bituzuye ijana kw'ijana, nk'akarorero, amakuru aragoye kubona ku vyerekeye ubutunzi bwa ba ruherwa kw'isi.

Ivyo 'Credit Suisse' ikavuga ko bisobanura ko, ikigereranyo ku butunzi bufiswe n'ibice 10% canke ndetse 1% vy'abatunzi ba mbere kw'isi, gishobora kuba kiri munsi cane y'ubutunzi bwabo nyakuri.

Icegeranyo ca Oxfam kandi cerekana ibiharuro vyose kw'isi muri rusangi, hakaba harimwo n'aho ibiharuro ngereranyo (statistics) bidashoka biboneka.