Ubutunzi bw'Ubushinwa bwagabanutse

china economy Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Banke nkuru y'Ubushinwa yaragabanuye inyungu incuro zitandatu kuva mu 2014

Ubutunzi bw’Ubushinwa bwaduze ku bice 6,9%, bikaba ari ibice bike cane muri iyi myaka 25.

Ico gihugu kigira ica kabiri mubifise ubutunzi bukomeye kw’isi.

Ica kane ciyongerekana ry’ubutunzi caragabanutse gushika ku bice 6,8%, ariko ku masoko y’amafaranga muri Asia ntacahindutse kuko bari basanzwe bavyiteze.

Ubwoba kubera uko ubutunzi bwifashe mu Bushinwa, hamwe n’igabanuka ry’ivyo bashorera hanze eka mbere no hagati mu gihugu, vyaragize ingaruka ku masoko mu makungu muri uyu mwaka.

Ugutakaza agaciro k’ifaranga rya Yuan, na vyo nyene vyaragiye muvyagize ingaruka mbi ku masoko.

Ibi biharuro vyatangajwe vyerekeye ingene ubutunzi bwiyongereye mu Bushinwa, zirakebura ico gihugu ngo gifate ingingo bwo guteza imbere ubutunzi.

Ubwoba ku kwiyongera k’ubutunzi bwatumye banke nkuru y’ico gihugu ifata ingingo yo kugabanya inyungu incuro zitandatu kuva mu 2014