IS yemeje urupfu rwa Jihadi John

is jihadi john Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Jihadi Jonh yarakoreshejwe cane na IS mu kwimenyekanisha

Umugwi wa Islamic State wemeje ko umwe muri bo yaronderwa cane n’ibihugu vya Buraya, yari azwi kw’izina rya Jihadi John, yapfuye.

Uwo mugwi watangaje urupfu rwiwe ku rubuga rwawo rwa internet ruzwi kw’izina rya Dabiq.

Uwo mugwanyi yiciwe mu gitero c’indege itagira umudereva mu kwezi kwa 11 umwaka uheze.

Amerika imaze kugira ico gitero ku cicero ca IS mu gisagara ca Raqqa, yavuzeko ‘yizeye cane’ ko yoba yishwe.

Uwo mwongereza izina ryiwe ry’amavuko ari Mohammed Emwazi, yarabonetse kuri Video nyinshi za IS ariko araca amazosi abanyaburaya banyuruje, harimwo n’umwongereza David Haines, yari umukozi w’ishirahamwe ritanga imfashanyo, hamwe n’umedereva wa Taxi, Alan Henning.

Mw’itangazo ryo ku rubuga rwabo, Emwazi bamwita Abu Muharib al-Muhajir, izina ryari rizwi cane muri uwo mugwi.

Ukumenyesha ko yapfuye bije kwemeza inkuru za Amerika y’ivyari vyabaye kuri uwo musi.

Uwo mugwi uvuga ko Emwazi yishwe itariki 12 ukwezi kwa 11”imodoka yirimwo itewe n’indege itagira umudereva mu gisagara ca Raqqa, aho iyo modoka yononekaye cane, nawe agaca apfa ubwo nyene.”

Ifoto y’uwo murwanyi ariko aramwenyura, kandi aboneka atipfutse mu maso, araba hasi, yashizwe kuri urwo rubuga.

Emwezi yavukiye mu gihugu ca Koweit mu 1988, ariko yimukira mu Bwongereza mu mwaka 1994, afise imyaka itandatu.