Lupita ntanezerejwe no kutaba mu bahiganirwa Oscars

oscars lupita
Image caption Lupita yagaye abagize urutonde rw'abahiganirwa Oscars kuba batashizemwo abirabure

Umukinyi wa Film w’umunye Kenya, Lupita Nyongo, yishize hamwe n’abandi bakora uwo mwga mu kunebagura kuba atashizwe ku rutonde rw’abakoina film birabura canke muri bake bohiganirwa agashimwe ka Oscars.

Ku rubuga rwiwe rwa Instagram, Lupita yavuze ko yashavujwe no kuba atashizwe ku rutonde rw’bakina film birabura.

Mu mwaka 2014, Lupita Nyongo yaratsindiye agashimwe ka Oscar, kubera uruhara yari yagize muri film ya Twelve Years a Slave.

Image caption Jada Pinket(i buryo) avuga ko atazitaba ivyo birori

Agiye hamwe n’abakinyi ba film babandanya kwiyongera harimwo na David Oyelowo na Don Cheadle, bagiye banebagura ingene mu bazohiganirwa ako gashimwe hatashizwemwo abafise inkoba zose.