Intumwa za Onu mu Burundi

burundi onu Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Amatati yadutse mu burundi amaze guhitana abantu barenga amajana ane

Intumwa z’akanama ka Onu kajejwe umutekano zirashika uyu musi mu Burundi kugerageza kurangiza imishamirano iri muri ico gihugu no gusaba ko hoba ibiganiro.

Ingingo ya prezida Nkurunziza yo gusubira kwitoza ubugira gatatu mu kwezi kwa kane yatumye haba imyiyerekano n’igeragezwa ryo gutembagaza ubutegetsi mu kwezi kwa gatanu, vyatumye haca haduka intambara.

Umumenyeshamakuru wa BBC muri Onu avuga ko izo ntumwa zishaka kugondoza reta y’Uburundi ngo yemere abasirikare b’Ubumwe bwa Afrika, kugira bahagarike ubwicanyi bufatiye ku bwoko hamwe n’ihohoterwa ry’agateka ka zina muntu.