Hoba harabaye ubwicanyi kera muri Kenya

kenya turkana Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ibisigarira vyatowe bimaze imyaka 6,000 mu kiyaga ca Turkana muri Kenya

Abahinga batoye ibimenyetso mu buraruko bwa kenya vyerekana ko hoba harabaye intambara hagati y’abantu batandukanye.

Ivyo bisigarira bimaze imyaka 10,000 vy’abantu 27 vyatowe mu burengero bw’ikiyaga ca Turkana, vyerekana ko bazize ubwicanyi.

Babataye hejuru hakubahamba, abahinga benshi bakibaza ko ayo matati yoba yabaye haraheze imyaka 6000, inyuma ‘aho abantu baronkeye aho baba.

Abo bahinga bari abamaze imisi babakora akazi muri ako gace ka Nataruk kuva mu 2012, basanze abo bishwe barakubiswe canke abandi baracumiswe imbugita bari kumwe.

Abishwe ni abagabo n’abagore co kimwe n’abana.

Ivyo bimenyetso vyanditse mu kinayamakuru co ngaho ntibigaragaza ivyahabaye ariko vyoba vyatewe n’amatati nk’uko bishikirizwa na professeur Robert Foley wo muri kaminuza ya Cambridge.