Putin yoba yarategetse urupfu rwa Litvinenko

uk litvinenko Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Alexander Litvinenko mu 1998

Prezida Putin yoba yaratanze uruhusha rwo kwica uwahoze ari umukozi w’iperereza mu Burusiya, Litvinenko mu 2006, mu gihugu c’Ubwongereza, nk’uko biri mu matohozwa yakozwe.

Putin akekwa ko yashize umukono ku cemezo co guha uburozi bwa polonium-210 Litvinenko, ku ruhande rumwe kubera “ukutumvikana” hagati y’abo bagabo babiri.

Umupfakazi wa Litvinenko Marina yakiriye neza ico cegeranyo, asaba ko Vradimir Putin yofatirwa igihano co kutidegemvya n’ibihano ku Burusiya.

Ubushikiranganji bw’imigenderanire bw’Uburusiya bwavuze ko ayo matohoza ahagaze kuri politike.

Bavuze bati:”Turababajwe n’uko ikibazo c’ububwicanyi cagizwe ica politike gica cibagiza uko imigenderanire yacu yari yifashe muri rusangi.”

Yavuze ko amatohoza”atabaye mu muco”, ko batarindiriye ko bikorwa ata ho begamiye.

Litvinenko yapfuye afise imyaka 43 I Londres mu 2006, inyuma y’imisi mike ahawe ishano. Yahoze akorera iperereza ry’Uburusiya, ariko yari yahungiye mu Bwongereza aho yaguma anebagura ubutegetsi bw’Uburusiya.

Gordon Corera, umumenyeshamakuru wa BBC mu vyo umutekano, yavuze ko habaye”ukwitangaza” muri sentare igihe hashikirizwa ico cegeranyo cashikirizwa, yongerako ko “gikaze gusumba uko vyari vyitezwe.”

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Marina Litvinenko asaba ko Prezida Putin n'Uburusiya bafatirwa ibihano

Avugira imbere ya Sentare nkuru mu Bwongereza, umupfasoni Litvinenko yagize ati:”Amajambo umugabo wanje yavuze ari ku mpfiro yagiriza Putin, yemejwe na sentare y’Ubwongereza.”

Litvinenko yasavye ashimitse reta y’Ubwongereza ko yo kwirukana abakozi b’iperereza bose b’Uburusiya, bongere bafatire ibihano vy’Ubutunzi ico gihugu.

Vyitezwe ko umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Theresa May, aatanga inyishu ya reta ya reta kuri ico cegeranyo imbere y’inama nshingamateka.

Accueil Secrétaire Theresa May doit donner la réponse du gouvernement britannique à des conclusions dans une déclaration à la Chambre des communes plus tard.