Zimbabwe yahagaritse ukwubakana kw'abana

zimbabwe Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abice 31% vy'abana b'abigeme baja kwubaka ntibaba barashikana imyaka 18.

Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro muri Zimbabwe, yahagaritse ukwubakana biciye mu mico n’imigenzo, ivuga ko abantu badashikana imyaka 18 badafise uburenganzira bwo kuzana umugore canke kuja ku mugabo.

Abana bahora bubakana ku nguvu bakiri bato bitwaje idini mu bice vy’inshi vy’ico gihugu.

Reta ivuga koi bice 31 kw’ijana vy’abana b’abigeme baja kubagabo batarashikana imyaka 18, n’aho bisanzwe bitemewe n’ibwirizwa shingiro rigenga Zimbabwe kuva mu 2013.