Batandatu baraye bapfuye mu Burundi

burundi violence Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abantu barenga amajana ane baramaze kwitaba Imana kuva mu kwezi kwa kane

Batatu baraye bazize ibitero bitandukanye vyabaye mw’ijoro ryakeye mu gisagara ca Bujumbura, abandi batatu batwarwa n’uruzi Mpanda.

Mu gipolisi c’Uburundi bavuga ko hari n’abakomerekeye muri ivyo bitero bashika cumi na bane, harimwo n’abapolisi babiri.

Umuvugizi w’igipolisi c’Uburundi, Pierre Claver Nkurikiye avuga ko bibiri muri abo bitavye Imana ari abo muri komine Ntahangwa, bariko barasubizanya n’abahejeje gutera ibisase ntezwantoke, uwundi umwe, yiciwe muri komine Mukaza, ari mu modoka ariko irafasha abo bagizi ba nabi.

Hari na babiri mu nkozi z'ikibi bafashwe.

Image caption Kuva amatati yaduka mu kwezi kwa kane, ibirwanisho bitari bike biramaze gufatwa

Inkoho zitatu na zo zafashwe hamwe n’ibikono vy’amasase.

Ivyo bitero vyabaye mu gihe hari intumwa z’akana kajejwe umutekano kw’isi ziri mu rugendo rw’imisi ibiri mu Burundi.

Urwo rugendo rufise intumbero yo gusaba ko ibiganiro bisubira gutangura vuba.