Ururimbo Hello urwa mbere kuri You Tube

adele Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Ururirimbo Hello rwaramenyekanye cane mu mwaka wa 2015

Ururirimbo rw’umuririmvyi w’Umwongerezakazi Adele, rwabaye urwa mbere rurabwe nabantu umuriyaridi mu mwanya muto kuri You Tube.

Video y’iyo ndirimbo, Hello, yarabwe n’abantu umuriyaridi kuri You Tube mu misi 87 gusa, inyuma ishiriweko.

Urwo ruririmbo ruciyeko urwa Psy ruzwi kw’izina rya Gangnam Style, rwarabwe invuro umriyaridi mu misi 158.

Urwo rurimbo rwagiye muri studio mu 2012.

Urukurikirane rw’indirimbo rwa gatatu rwa Adele, yise Adele 25, ni rwo rwamenyekanye cane mu mwaka 2015, n’aho rwari rwavuye muri studio mu kwezi kwa cumi na rimwe.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Urukurikirane rw'indirimbo 25 rwasohotse mu kwezi kwa cumi na rimwe

You Tube bavuga ko ari video 17 gusa zimaze kurabwa incuri umuriyaridi gushika ubu.

Izo video ni nka Sugar ya Maroon5, Lean On ya Major Lazer, Love The Way You Lie ya Eminem, Party Rock ya LMFAO, Counting Stars ya OneRepublic na Chandelier ya Sia.

Ururirimbo rwa Baby na Justin Bieber, rwamaze imyaka umunani kugira rurabwe incuro umuriyaridi kuri You Tube.

Mu ndirimbo zasohotse mu 2013, ururirimbo rwashikanye incuro umulioni ni Roar rwa Perry, rwafashe imisi 487.

Mu mwaka 2014, ururimbo rwa Taylor Swift ruzwi kw’izi rya Blank Space, wamaze imisi 238 kugira ushikane ico gitigiri.