UK na Gates batanze amahera yo kurwanya Malaria

bill gates Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Uwo mugambi uzmara imyaka itanu

Reta y’Ubwongereza n’umutunzi wa mbere kw’isi, Bill Gates, batangaje umugambi wo uzotwara imiliyaridi 4 yo gufasha kurwanya ingwara ya Malaria.

Uwo mugambi uzokwibanda kurondera imiti mishasha yo kuvura Malaria hamwe n’umuti wo kwica imibu.

Muri ayo mahera hazoba harimwo imiliyoni 500 z’ama pounds buri mwaka yo mukigega c’imfashanyo azoza aratangwa mu kiringo c’imyaka itanu, harimwo n’amadollar imiliyoni 200 avuye kwa Bill Gates.

Bill Gates n’umushikiranganji w’ikigega ca reta w’Ubwongereza Geroge Osborne, ku rupapuro rumwe rw’ikinyamakuru The Times, bavuga ko bafise icizere ko Malaria igiye kuranduranwa n’imizi.

Iyo ngwara ihitana umwana umwe buri munota, benshi bakaba ari abo ku mugabane wa Afrika.

Bivuga ko Malaria ifise uruhara mu kwiyongera kw’ubukene.

Imigambi yo kurwanya iyo ngwara yaragize ico ishikako mu myaka 15 iheze, ariko hari ubwoba ko hashobora kwaduka iyindi Malaria itumva imiti co kimwe n’imibu, nk’uko bivugwa na OMS , mu cegeranyo cerekeye ingwara ya Malaria kw’isi mu 2015.

“Mu gihe imiti mishasha itoboneka imbere ya 2020, ibintu bishobora kumera nabi, n’igitigiri c’abitaba Imana kikongerekana,” nk’uko vyashikirijwe na Osborne na Gates.