Denis Sassou Nguesso azokongera kwitoza

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption perezida Denis Sassou Nguesso

Bwana Nguesso ubu akwije imyaka 73, amaze kurongora Congo Brazaville ibiringo bibiri.

Amatora ya kamarampaka yo mu kwezi kwa cumi umwaka uheze, yamuhaye uburenganzira bwo kwongera kwitoza kuyobora ikiringo ca gatatu.

Abatavuga rumwe n'ubutegetsi ntibitabiriye iyo kamarampaka.

Perezida Sassou Guesso niwe wa mbere amaze ikiringo kinini ku butegetsi ku mugabane wa Afrika.