Prezida wa Iran arabonana na Papa Francis

prezida rouhani Uwufise ububasha kw’isanamu TASNIM
Image caption Prezida Rouhani azoshira umukono ku masezerano yo kugura indege zirenga 100, n'ishirahamwe rya Airbus

Prezida wa Iran, Hassan Rouhani, arabonana n’umwungere w’ishengero katolika kw’isi, Papa Francis, mu gisagara ca Vatican.

Uwo mu bonano uri muyo uwo muprezida azogira ku mugabane wa Buraya aho afise intymbero yo gusubiza itoto imigenderanire hagati y’ibihugu vya Buraya na Iran.

Ivyo bibaye inyuma y’aho ivyo bihugu bikuriye ibihano bafatiye ico gihugu.

Prezida Rouhani yatanguye urugendo rwiwe ku wa mbere, aho abategetsi ba Iran bashize umukono ku masezerano yo gufashana hagati ya Iran n’Ubutaliyano, aciye imiriyaridi 17.

Avuye I Roma, Prezida Rouhani, aca aja I Paris, aho vyitezwe ko bashika ku masezerano n’ishirahamwe rya Airbus.

Ayo masezerano n’ayo kwemerera Iran kugura indege zirenga 100 z’iryo shirahamwe.