Ingabo za Kenya zavuye mu birindiro i Somalia?

Image caption Hatangajwe ibitigiri bitandukanye bitashoboye kwemezwa, vy'abasirikare ba Kenya baguye el-Adde

Umushingamateka aturuka mu bumanuko bwa Somalia, Mohamed Ismail Shurie, yabwiye BBC ko igisagara ca Badhaadhe caguye mu minwe ya al-Shabaab.

Ingabo za Kenya bazibonye kandi ziva mu kindi kibanza ca el-Adde, catewe n'umurwi al-Shabaab mu ndwi zibiri ziheze.

Igisirikare ca Kenya co kivuga ko ari uguhindura ibibanza kw'abasirikare gusanzwe.

Al-Shabaab yemeza ko yishe abasirikare ba Kenya bagera ku ijana bari muri Somalia mu rwego AMISOM, ariko ico gitigiri nticemejwe n'ubutegetsi bwa Nairobi.