Igisirikare ca Brezil mu kurwanya Zika

Abasirikare ba Brezil bazoca ku nzu ku yindi, batanga udutabo twigisha abantu kwirinda gukwiragiza umugera wa Zika.

Umugera wa Zika bikekwa ko ariwo watumye abana baharurwa mu bihumbi bavukana udutwe duto, kubera ubwonko budakura neza.

Ivyo vyatangajwe inyuma y'aho umushikirangani w'amagara y'abantu Marcelo Castro, avugiye ko Brezil iriko irananirwa intambara n'uwo mugera.

Kugeza ubu nta rucanco ifise

Umwansi nimero ya mbere

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abana bavukanye ubwonko budakura neza bagira ibibazo mu buzima

Bwana Castro yavuze ko ingabo zizorungikwa kuwa 13 ukwa kabiri, gukwiragiza udutabo twereka abantu uko bakwiye kwirinda kwandura no gukwiragiza Zika, mu guhonya ivyari vy'imibu.

Bwana Castro yabwiye ikinyamakuru O Globo ko ikwiragira rya Zika arico kibazo ca mbere gikomeye c'amagara y'abantu kimaze guhanga Brezil.

Urugamba rwa Zika, abantu bazoshobora kurutsinda ari uko umwe mwese agize uruhara mu kwirukana umubu uyitera, Aedes Aegypti, nk'uko bivurwa na bwana Castro.

Yavuze kandi ko uwo mubu usanzwe utera izindi ngwara nka dengue, chikungunya, fievre jaune, ari umwansi wa mbere wa Brezil.

Yavuze ko mu mwaka uheze habonetse ibiharuro biri hejuru mu buryo butari bwaboneke vy'abarwayi ba dingue muri Brezil, ati: "turiko turaneshwa n'intambara y'umubu".

Zika n'iki?

Uterwa n'umubu Aedes aegypti, utera na dengue, hamwe na fievre jaune.

wabonetse ubwa mbere muri Afirika muri za 1940, ariko ubu wageze no muri Amerique Latine.

Ushobora gutera ubumuga mu bwonko, iyo umwana ikiri mu nda, akavukana agatwe gato.

Utera umucanwa, guhurirwa, ariko benshi nta bimneyetso bagaragaza kandi nta muti ufise.

Kwirinda Zika bica mu guhonya imibu iyitera gusa.

Ishami ry'ishirahamwe mouzamakungu rijejwe amagara y'abantu OMS, ejo ryatangaje ko uwo mugera Zika ushobora gukwiragira mu bihugu vya Amerika.

Uwo mugera umaze kuboneka mu bihugu 21 vyo mu karere ka Caraibes, mu buraruko no mu bumanuko bwa Amerika.

Igiteye umwitwarariko gusumba, n'ingaruka za Zika ku mwana akiri mu mbanyi.

Muri Brezil ibiharuro vy'abana bavukana imitwe mito vyariyongeye cane, eka no mu bihugu vyo muri Amerika yo hagati no mu bumanuko, aho ibihugu bimwe bimaze gusaba abakenyezi gutenyenya ntibatware imbanyi.

Muri Brezil honyene, abana bagera ku 3,893 bavukanye ubumuga bw'umutwe muto 'microcephalie' kuva mu kwezi kwa cumi umwaka uheze, mu gihe mu yindi myaka igiharuro co hagati na hagati cari nk'abana 160.

Abategetsi muri Leta zunze Ubumwe za Amerika batangaje ingingo nshasha zo kurwanya umugera wa Zika.

Mu bikorwa mu gusuzuma, harimwo kuraba abagore bibungenze ko ata kibazo bafise mu mbanyi, cane cane abavuye mu turere turimwo umugera wa Zika, uterwa n'imibu.