Netanyahu yanebaguye Ban Ki Moon

netanyahu Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Benjamin Netanyahu, umushikiranganji wa mbere wa Israel

Umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyau, yagirije umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu Onu ko”ashigikiye iterabwoba” inyuma y’aho avugiye ko, ari ibisanzwe ku bantu bacinyijwe gutana mu mitwe n’ababakandamiza.

Ban Ki Moon yariko aravuga ku kibazo c’abanye Palestine.

Abanye Palestine barenga 155, awanye Israel 28, umunyamerika n’umunye Erithrea barishwe barashwe canke bacumiswe imbugita kuva mu kwezi kwa cumi.

“Ivyo umunyamabanga mukuru wa Onu yavuze bishigikiye iterabwoba,”uko ni ko Netanyahu yavuze.

“Nta burenganzira na bumwe buhari bwo gushigikira iterabwoba”

Ariko arashikiriza ijambo akanama ka Onu kajejwe umutekano kw’isi, Ban yari yavuze ko ubwicanyi nk’ubwo bwongerekanye kubera ukumeregwa nabi kw’abanye Palestine na cane cane abakiri bato.

“Nk’abantu bapfukamwe mu nda nk’uko vyabonetse kuva kera, ni ibisanzwe nk’ikiremwa muntu guhangana n’uwugucinyiza, bikunyurwa n’urwanko rugenda rwiyongera,”uko ni ko Ban yavuze.

Ariko kubwa Netanyahu, abanye Palestine ni bo bobazwa ivyerekeye ugushaka gushiraho igihugu cabo.

Yavuze kandi ko amakungu atitayeho ico kibazo mu misi myinshi iheze.