Abadandaza ba Bujumbura bimuwe mu masoko

Image caption Bamwe mu bandaza ba Bujumbura bimutse 2 mu myaka 3 kubera isoko nkuru yahiye mu 2013

Mu Burundi, abadandaza bo mu masoko atandukanye y'igisagara ca Bujumbura bavuga ko bariko barajuragirika.

Ivyo babivuze inyuma y'aho ubuyobozi bw'igisagara ca Bujumbura bufatiye ingingo yo kwimura ayo masoko mu gihe c'infatakibanza mu ntumbero yo kuyasanura.

Abo badandanza bavuga ko uretse ko ivyo bibanza bimuriwemwo bidateguwe neza, ngo bafise n'amakenga ko bashobora kutazosubira kuronswa ibibanza vyabo.

Mu kibanza c'ishure ryisumbuye rya Jabe, isoko ntiriratangura kurema, abadandaza bamwe niho bagitangura gushinga imbaho zo kubaka utuzu bazondandarizamwo, abandi nabo bageze ku intambwe yo gusakara.

No mu bindi bibanza biri hirya no hino ahimuriwe amasoko ibintu bisa nk'uko, bamwe baramaze gutangura gushora ibindandazwa, mu gihe abandi nabo bacubaka.

Abo badandanza ariko bavuga ivyo bibanza bimuriwemwo bidateguwe neza.

Amasoko yo mu gisagara ca Bujumbura yimuwe yose hamwe ni indwi.

Ane ni ayo mu bumanuko bw'igisagara, mu makaritiye ya Kanyosha, Ruziba, Musaga na Kinindo.

Ayandi abiri ari muri komine Ntahangwa mu buraruko, ayo nayo ni Ngagara na Kinama hamwe rero n'isoko rya Jabe, muri komine Mukaza hagati mu gisagara.

Benshi mu badandaza bari muri ayo masoko, bari bagiyeyo inyuma yaho isoko nkuru ya Bujumbura ihiriye igatokombera, hari kuwa 27/01/2013.

Bamwe muri abo badandaza bavuga ko baburagijwe bakuwe mu bibanza barondeye bakuwe mw'isoko nkuru ya Bujumbura.

Abarongoye igisagra ca Bujumbura ariko barahumuriza abo badandaza bakavuga ko ico gikorwa kizofata hagati y'amazi ane n'umwaka n'umwe gusa.

Mu biro vy'umukuru w'igisagara ca Bujumbura bamenyesha ko ico gikorwa co gusanura amasoko ari imfashanyo y'Ubumwe bwa Bulaya.

Christophe Kinshasa, umuhanuzi mu vy'ubutunzi mu biro vy'umukuru w'igisagara ca Bujumbura avuga ko bafashe iyo ngingo yo kwimura amasoko icarimwe kubera ko ico gikorwa gitegerezwa gutangurana n'impera z'ukwezi kwa mbere.