Urucanco rwa Zika ngo rushobora guteba

Uwufise ububasha kw’isanamu Thinkstock
Image caption Zika yandukira iciye mu mubu

Abashakashatsi bo muri kaminuza ya Texas bavuga ko ingwara ya Zika yanduruka ku mubu ishobora kwaduka nk'ikiza.

Iyo ngwara bimaze kuvurwa ko itera kuzingama kw'ubwonko ku mwana yanduriye mu nda.

Perezida Obama yasavye ko hogira igikozwe vuba mu kuyirwanya.

Abahinga bo muri Leta zunze Ubumwe za Amerika bari basavye ishirahamwe rijejwe amagara y'abantu OMS babicishije mu kinyamakuru c'ishirahamwe ry'abaganga, ngo OMS igire ico ikoze ifatiye ku cirwa yakuye ku kiza ca Ebola.

Abo bahinga basaba OMS gushiraho umurwi wo gutabara vyihuta, ugizwe n'abahinga mu vyo ingwara zandukira