Hillary Clinton yogena Obama muri sentare nkuru?

hillary clinton Uwufise ububasha kw’isanamu .
Image caption Hillary Clinton ni we aza imbere mu bitoza mu mugambwe w'abademocrate

Uwushaka kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu mu gambwe w’abademocrate, Hillary Clinton, yavuze ko gishobora kuba iciyumviro ciza kugena uwo ashaka gusubirira prezida Barack Obama, kuba umucamanza muri sentare nkuru y’ico gihugu.

Yariko arishura ikibazo yari abajijwe n’umunyagihugu mu nama yo kwiyamamaza yariko irabera mu ntara ya Iowa.

Yasabwe gusigura, nimba inyuma yo kuba Prezida, yogena prezida Obama kuba umucamanza muri sentare nkuru.

Yavuze ko, umukuru w’igihugu agiye ku butegetsi, afise uburenganzira bwo kugena abacamanza batatu muri sentare nkuru, nk’uko vayvuzwe n’ishirahamwe ryo kumenyesha amakuru rya ABC.

“Oh! Ico ni ikibzo ciza cane. Nta n’umwe yari bwambaze ikibazo nk’ico,” uko ni ko umupfasoni Clinton yishuye.

“Ndashimye ico kibazo cawe. Arashobora kuba afise ibintu vyinshi yokora, ariko ndakubwiye koi co ari iciyumviro ciza.”

Umupfasoni Clinton, yashikirije ijambo abantu bashika 450 muri iryo huriro ryo kwiyamamaza.

“Arakerebutse cane, kandi arashobora gusigura ibintu neza, yarigeze kandi kwigisha amategeko, kuri ivyo rero arabikwiye, “ n’uko yavuze.

“Ubu dushaka inama nshingamateka na nkenguzamateka vyiganjemwo abo mu mugambwe w’abademocrate kugira bashobore kumwemeza, kuri ivyo rero, muzomfasha kubishikako, turavyumvikanye?”

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Hillary Clinton yarabaye umunyamabanga w'imigenderanire mu kiringo ca mbere Prezida Obama

Umupfasoni Clinton, yarahiganywe bikomeye na prezida Obama mu kibanza co guserukira umugambwe w’abademocrate mu matora y’umukuru w’igihugu mu mwaka 2008, ariko aratsindwa, inyuma y’aho aca agenwa kuba umunyamabanga w’imigenderanire ajejwe Obama.