Ibihano ku bategetsi babiri ba Sudan y'epfo

Salva kiir Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Intambara y'abashigikiye Prezida Kiir na Dr Machar imaze gutuma abantu imiliyoni 2 bata izabo

Akanama kadasanzwe gakurikiranira hagufi ikibazo ca Sudan y’epfo, kasavye akanama ka Onu kajejwe umutekano , ko abategetsi bakuru b’ico gihugu bofatirwa ibihano.

Muri abo bategetsi, harimwo prezida Salva Kiir n’umukuru w’abarwanyi Riek Machar, bagirizwa ko bafise uruhara mu ntambara ibera muri ico gihugu.

Umukuru w’ako kanama Payton Knopf yabwiye BBC ko amabi akorerwa muri ico gihugu, harimwo kwica abanyagihugu ata co bazira yagirizwa prezida Kiir na Dr Machar.

Abantu ibihumbi n’ibihumbi, barishwe hatanguye intambara muri Sudan y’epfo mu kwezi kwa 12 umwaka 2013, yahuza abashigikiye abo bategetsi babiri.

Abantu barenga imiliyoni 2 barataye izabo, ico ciyumviro c’ivyo bihano kikaba kiraba kandi abandi bategetsi babiri.