Suede igiye kwirukana abimukira 80,000

migrants sweeden Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abimukira muri Suede

Ubutegetsi bwa Suede bwatanguje umugambi wo kwirukana abimukira bashika 80,000, nk’uko vyavuzwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu.

Anders Ygeman yavuze ko hazokoreshwa indege kubasubiza iwabo, ariko ko bizotwara imyaka itari mike.

Abimukira bashika 163,000 ni bo basavye kuguma muri ico gihugu mu mwaka 2015, kikaba ari co gitigiri ca mbere kinini ku mugabane wa Buraya.

Ico gitigiri caragabanutse cane kuva aho Suede ishiriyeho amategeko yo kurinda imbibe z’ico gihugu uyu mwaka.

Co kimwe n’Ubudagi, ibihugu vyose vyo mu karere ka Scandinavie, ni ahantu hakunzwe cane n’abimukira binjira ku mugabane wa Buraya badakurikije amategeko.

Ku bantu 58,800 b’abimukira basavye kwinjira, ibice 55 kw’ijana baremerewe.

Abazirukanwa, Ygeman yavuze ko boba bashika ku 60,000 ariko koi co gitigiri gshobora kuduga gushika ku 80,000.