Abamenyeshamakuru 2 bahagaritswe mu Burundi

burundi violence Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Hari abantu benshi bamaze guhagarikwa n'igipolisi kuva mu kwezi kwane

Abamenyeshamakuru babiri bafashwe n’inzego zijejwe umutekano mu Burundi, bakaba ubu bari minwe y’igipolisi kijejwe iperereza.

Abo bamenyeshamakuru bafashwe ku wa kane ku mugoroba, inkuru zikavuga ko abajejwe umutekano bo mu Burundi babafashe babasanze aho bari kumwe n'inkozi z'ikibi.

Icegera c'umuvugizi w'igipolisi c'Uburundi, Moise Nkurunziza, avuga ko batangajwe n'inyifato ya Phil Moore.

"Umwongereza Phil Moore, yari kumwe n'inkozi z'ikibi. Tugiye kuzifata, aca yirukankana na bo," uko ni ko Nkurunziza yavuze.

"Twaciye dufata inkozi z'ikibi zine ziri kumwe na Moore, zifise inkoho zibiri"

Umufaransa Jean Philippe Remy, yafashwe agiye kuraba mugenzi we haheze umwanya afashwe, inzego zijewe umutekano ngo zigatangazwa n'ingene yoba yamenye ko yafashwe kandi bari bamwatse na telefone yiwe ngendanwa.

Jean Philippe Remy w’ikinyamakuru Le Monde co mu Bufaransa hamwe n’uwumufasha gufata amafoto, Phil Moore, bafatiwe muri zone Nyakabiga iri muri komine Mukaza, mu gisagara ca Bujumbura.

Jean Philippe Remy ni umufaransa na yo Phil Moore ni umwongereza.

Mw’itangazo ryashikirijwe na Moise Nkurunziza, yavuze kandi ko abagizi ba nabi bandi 15, harimwo n’umupfasoni umwe, bafashwe hamwe n’inkoho umunani.

Gushika ubu, igipolisi ntikiramenyesha ivyaha bagirizwa, canke ko baca birukanwa muri ico gihugu.