Bane bari bamaze imisi 36 mu kuzimu batabawe

chine mine Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abashika 15 baramaze kurokoka, umwe yarapfuye, abandi 13 ntawuzi aho baherereye

Abimba ubutare bane bari basenyukiweko n’isi mu Bushinwa haraheze imisi 36, batabawe, nk’uko bivugwa n’ibimenyeshamakuru vy’ico gihugu.

Abo bagabo baheze mu kuzimu aho bimba ubutare, inyuma y’aho umusozi ubasidukiyeko aho bimba ubutare bwa Gypsum, mu ntara ya Shandong, mu buseruko bw’Ubushinwa, itariki 25 ukwezi kwa cumi na kabiri.

Ishirahamwe ryo kumenyesha amakuru CCTV, ryarerekanye ifoto y’umwe muri abo bagabo avanywe mu kuzimu, baca bamujana mu bitaro.

Bose hamwe abimba ubutare 29 baheze mu kuzimu inyuma y’isiduka ry’umusozi: 15 gushika ubu baramaze gutabarwa bagikomeye, n’uwundi umwe bivugwa ko yapfuye.

Abandi 13 ntibaramenyekana aho baherereye.

Abo bane babatoye ku metero 200 mu kuzimu, ibikorwa vyo kubatabara bikaba vyarangiye ku wa gatanu.

Barapfutswe mu maso bakibakura mu kuzimu kugira babakingire imishwarara y’izuba.

Baciye bajanwa mu bitaro kugira barabe uko amagara yabo ameze.

Abantu 400 ni bo bagiye muri ico gikorwa co gutabara.