Abaprezida banse ko horungikwa inteko mu Burundi

burundi au Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption UA ntizorungika abasirikare mu Burundi

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ntirizorungika inteko zo kugarukana amahoro kiretse gusa, reta ya Nkurunziza ibisavye.

Umuvugizi w’iryo shirahamwe, yavuze ko batakirungitse abasirikare kugarukana amahoro muri ico gihugu, gushika igihe bazoronswa ubutumire buvuye muri ico gihugu kiri mu buseruko bwa Afrika.

Iyo mvugo itandukanye n’icipfuzo cari cashikirijwe n’iryo shirahamwe, cazanye ibibazo vyinshi mu kazi karyo ko gukingira ubuzima bw’abanyagihugu.

Intumwa idasanzwe y’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika mu karere k’ibiyaga binini, brahima Fall, avuga ko UA itigeze yiyumvira kurungika abasirikare bo kugarukana amahoro mu Burundi, batarindiriye uruhusha rw’ico gihugu.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu Onu, Ban Ki-Moon, yabwiye abategetsi ba Afrika ko ashigikiye iciyumviro c’iryo shiramwe, co kurundika abasirikare 5,000 bo kugarukana amahoro mu Burundi.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Prezida Nkurunziza yari yagabishije ko Uburundi buzofata izo nteko za UA ko zibateye

Inama y’abategetsi n’abakuru b’ibihugu ba Afrika mu gihugu ca Ethiopia, bananiwe kumvikana kw’itegeko ryari rikenewe ryo kurungika abasirikare 5,000 kugarukana amahoro muri ico gihugu, kubera ubwicanyi y’abantu amajana n’amajana y’abatavuga rumwe na prezida Pierre Nkurunziza.

Amatati muri ico gihugu yatanguye inyuma y’aho prezida Nkurunziza atangarije ko agira yitoze mu kiringo kigira gatatu.

Abamurwanya bavuga ko prezida Nkurunziza, yarenze kw’itegeko nshingiro, bica bikurikirwa n’imyiyerekano, ugushaka gutembagaza ubutegetsi, ariko aruhira gutsinda mu matora y’umukuru w’igihugu atitabwe n’abo batavuga rumwe.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Amatati yatanguye mu Burundi, Prezida Nkurunziza amenyesheje ko azitoza mu kiringo ca gatatu

Harabaye icipfuzo co gutuma inteko 5000 z’ubumwe bwa Afrika, kugira bakingire ubuzima bw’abatavuga rumwe n’uwo muprezida.

Prezida Nkurunziza yaragabishije ko abarundi bazorwanya ico gisirikare bafata ko kizoba kibateye, kuko ngo ico gihugu kiri mu mahoro, ko gusa hari uduce duke two mu gisagara ca Bujumbra turangwamwo umutekano muke, tugwiriyemwo abo batavuga rumwe.