Uko imyanzuro ya AU ku Burundi yakiriwe

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Inama y'abakuru by'ibihugu bigize Umuryango w'ubumwe bwa Afurika yo kuwa 30-31/01/2016.

Ministri w'ububanyi n'amahanga w'Uburundi, Alain Nyamitwe yabwiye BBC ko leta y'Uburundi yashimye umwanzuro w'abakuru b'ibihugu bigize Umuryango w'Ubumwe bwa Afurika wo kutohereza ingabo mu Burundi, leta itabyemeye.

Ntibishobora gukina mu cuma cawe

Ku ruhande rw'abatavuga rumwe na leta bibumbiye mu runani CNARED, umuvugizi warwo Pancras Cimpaye yavuze ko batanyuzwe n'imyanzuro y'abakuru b'ibihugu bya Afurika bahuriye muri Ethiopia mu mpera z'icyumweru gishize.

Yavuze ko batangaye cyane ngo 'kubona abakuru b'ibihugu bya Afurika badashobora kuza gutabara abarundi'.

Ntibishobora gukina mu cuma cawe