Ubwato bwagira bwibire basubijwe mw'ibahari

ship Uwufise ububasha kw’isanamu Marinha Francesa
Image caption Ubwo bwato buzwi kw'izina rya Modern Express bayikweze bayisubiza mw'ibahari

Ubwato bwari butanguye kwibira buriko buraca ku nkengera y’Ubufaransa, bwasubijwe mw’ibahari, nk’uko abakozi bo ngaho mw’ibahari babimenyesha.

Ubwato bwagenewe gukwega ubundi bwo mu gihugu ca Espagne, bwaje kubukwega bubusubiza mu mazi, nk’uko vyavuzwe n’umuvugizi w’ishirahamwe ry’abakora mw’ibahari mu gihugu c’Ubufaransa, Louis-Xavier Renaux.

Ubwo bwato ko ari bubiri ubu buriko buragenda bugana hagati mw’ibahari Atlantic, ku bunyarutsi bw’ibirometero bitanu kw’isaha.

Abakozi 22 bari muri ubwo bwato buzwi kw’izina rya Modern Express, bwo mu gihugu ca Panama, bavuye muri ubwo bwato ata co babaye, hakoreshejwe indege, ku musi wa kabiri w’indwi iheze.

Abategetsi bari bafise ubwoba ko ubwo bwato, bwari ku birometero 44 gusa ku nkengera y’Ubufaransa, mu karere ka Arcachon hagufi ya Bordeaux, mu bumanuko bushira uburengero bw’Ubiufaransa, bushobora kwibira.

Ariko abahinga bane barashoboye kubwambika umunyororo w’ivyuma baca barabukwega.

Mu gihe ico gikorwa kitari kugenda neza, ubwo bwato bwaca bugonga mu bumanuko bushira uburengero bw’Ubufaransa hagati yo ku wa mbere mw’ijoro no ku wa kane mu gitondo.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abokozi bose b'iyo ndege batabawe hakoreshejwe indege

Ikirere kimee nabi ni co catumye bigorana gutabara ubwo bwato ku w’Imana, inyuma y’aho umunyororo wariko urabukwega ucikiye.

Ubwo bwato bwari butwaye itoni 3,600 z’imbaho n’imashini zo kwimba.

Abakora mw’ibahari bavuga ko bidashoboka kubuhagarka.

Ubwo bwato butwaye igitoro itoni 300, ikimenyeshamakuru ca Sud-Ouest, kivuga ko hari hateguwe ingene bokuramwo ayo mavuta no kuyabika, igihe yari kwibira.