Abitoza batanguye gushika i New Hampshire

amarica new hampshire Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Amatora mu ntara ya New Hampshire azoba itariki 9 ukwezi kwa kabiri

Abashaka kwitoza mu kibanza co guserukira imigambwe y’aba republicains n’aba democrats mu matora y’umukuru w’igihugu muri Amerika, batanguye gushika mu ntara ya New Hampshire, ahimirije kubera ayo matora.

Abatahukanye intsinzi mu matora yabreye I Iowa ni Ted Cruz wo mu mugambwe w’aba republicains na Hillary Clinton wo muba democrats.

Cruz yaratahukanye intsinzi n’aho yahabwa amahigwe make cane, mu gihe umupfasoni Clinton yatsinze Bernie Sanders amurushije 0,2 kw’ijana.

Intara ya New Hampshire igizwe n’abantu benshi batitaho cane ivyo amadini, bikaboneka ko Cruz afise akazi katoroshe muri ayo matora yitezwe kuba itariki 9 mu kwezi kwa kabiri.

Donald Trump yahabwa amahigwe menshi mu mugambwe w’aba republicains, yitezwe ko ashobora kuronka amajwi menhsi gusumba ayo yaronse I Iowa, ahatanguriye ayo matora.

Ku ruhande rw’aba democrats, Sanders aboneka ko ashobora kuharonkera amajwi menshi kuko bias n’uko ari muhira, gusumba umupfasoni Clinton, kuko ari umukenguzamateka w’intara vyegeranye yay a Vermont.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Bernie Sanders na Hillary Clinton bahanganye mu mugambwe w'aba democrates

N’imbere y’uko batangaza intsinzi ntoyi y’umupfasoni Clinton ku mugaragaro, Sanders, yari yuriye mu modoka nini imwe ariko araramukanya n’abakunzi biwe mu gisagara ca Bow, mu ntara ya New Hampshire.

Aho yabwira abaje kumwumviriza ko ikwiyamamaza kwiwe kwatangaje abantu benshi isi yose I Iowa, aca anavuga ko azonabatangaza no mu ntara ya New Hampshire.

Muri iyo ntara, umupfasoni Clinton yatangaje intsinzi yiwe avuga ko yiteze kuronka n’iyindi ntsinzi mu ntara ya New Hampshire, inyuma yo kuza imbere I Iowa.