Abatemera Imana barakumirwa muri Kenya

kenya jesus Uwufise ububasha kw’isanamu Thinkstock
Image caption Aabantu bavuga ko batemera Imana bavuga ko bakumirwa

Umugwi umwe w’abantu batemera ko Imana iriho uvuga ko badafatwa nk’abandi, inyuma yahoo reta yankiye kuwemerera gukora ku mugaragaro.

Babwiwe ko banse kwemererwa kubera ubwo ko botuma haba umutekano mubi.

Abo bantu bashika 60 mu gihugu ca Kenya, bagiye gusaba ko bemererwa gukora ku mugaragaro mu mwaka uheze.

Abakenya barenga 97 bari mu madini atandukanye nk’uko biri mu bushakashatsi bwakozwe na Pew.

Uworongoye uwo mugwi muri Kenya, AIK, Harrison Mumia, yagirije uwujejwe kwemerara amashirahamwe gukora, Maria Nyariki, ko atwara ibiro vyiwe uko ashatse kandi ko atazi inkurikizi yo kwanka kwemerera uwo mugwi gukora.

Yongeyeko ko hari abakuru b’amashengero bamaze gufata abana ku nguvu, ariko bemerewe gukora ku mugaragaro.

AIK rirafise uburenganzira bwo kwunguruza, ariko Mumia yabwiye BBC ko bazojana ibirego muri sentare, kubera uburenganzira bwabo bwo kugira ishirahamwe bwahonyanzwe.

AIK bemeza ko kubemerera gukora ku mugaragaro, vyotuma baterera agacumu kubumwe mu bibazo vy’abanyagihugu, eka mbere no kubitsa amahera mu mabanke.

Mumia yavuze ko nk’abantu batemera ko Imana iriho mu bantu benshi bemera Imana, yumva ko yahariwe ivomo.

Mu mwaka uheze, AIK, yaratsinzwe muri sentare, igihe bariko barasaba ko reta yokwisubirako ku ngingo yayo yo gutanga umusi w’akaruhuko igihe Papa Francis yagendera igihugu ca Kenya.