Gupima ubusugi biriyamirizwa muri Afrika y'epfo

south africa
Image caption Ugupima ubusugi muri Afrika y'epfo

Umushikiranganji umwe mu gihugu ca Afrika y’epfo yavuze ko bidakurikije amategeko guha imfashanyo yo kwiga abigeme bemeye kwipimisha ko ari isugi.

Mu kwezi guheze, uburongozi bw’igisagara ca Uthukela mu ntara ya Kwazulu-Natal, mu gihugu ca Afrika y’epfo, bwavuze ko buzotanga agashimwe ku banyeshure b’abigeme 16, mu gihe bokwemera kuguma bari isugi.

“Uwo mugambi wari ugamije kugabanya iyandukizwa ry’umugera wa Sida hamwe n’imbanyi ku bakiri bato mu bigeme.,” nk’uko vyari vyashikirijwe n’umukuru w’ico gisagara, Dudu Mazibuko.

Mu makuru y’ikinyamakuru ca Daily Maverick, umushikiranganji w’iterambere ry’abanyagihugu, Bathabile Dlamini, yasiguye ko gupima ubusugi bidashoboka, kandi ko ari guhonyanga agateka ka zina muntu.

“Gukora imibonano mpuzabitsina ubwa mbere kenshi ntuba wabishatse, uretse n’uko bishobora gutuma abadakurikije ivyo bisabwa bakumirwa,” aca avuga ko uwo mugambi ari ikosa ryo gucinyiza abantu ufatiye ku gitsina.

Umupfasoni Dlamini, arongoye abakenyezi bahurikiye mu mugambwe wa ANC, ni we mutegetsi wa mbere wo mu rego rwo hejuru yiyamirije iyo ngingo.