Abasoda 1200 ba ONU birukanywe muri centrafrique

car troops
Image caption Ingabo za Onu ziguma zivugwa mu bikorwa vy'ubushurashuzi muri Centrafrique

Abasirikare ba Onu barenga 100 bazosubizwa mu bihugu vyabo bavuye mu gihugu ca Centrafrique, inyuma y’amatohoza ku vyavuzwe ko bashurashuje abigeme, nk’uko bivugwa na Onu.

Onu ivuga ko iriko iragira amatohoza ku bindi vyegeranyo umunani bishasha, ije bikurikira ibindi 20 bari bararonse.

Umwana umwe w’umwigeme w’imyaka 14 yarafashwe ku nguvu n’umusoda afise inkoho iruhande y’ikibuga c’indege.

Abo basirikare 120 bazotahukanwa bava mu bihugu vya Congo Brazzaville. Igihe hazoba hariko haraba amatohoza, bazoshirwa mw’ikambi yabo.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abasirkare ba Onu bava i Buraya baragize uruhara mu gushurashuza abana

Mu ndwi iheze, Onu yavuze ko abasirikare bamuka I Buraya na bo nyene baragize uruhara mu kwonona abana.

Parfait Onanga-Anyanga, intumwa ya Onu muri Centrafrique, yaragize urugendo I Bambari, mu gisagara kigira kabiri c’ico gihugu, aho habereye ibikorwa nkivyo bibi biherutse kuvugwa, ku musi wa kane.

Yarerekanye akababaro n’ukumaramara.

Hari” ibintu bigaragara” ko batanu mu babikorewe ari abana n’uwundi umwe akuze bashurashujwe, nk’uko bivugwa n’abahinga barungitswe muri ico gisagara.

Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu, Human Rights Watch, rivuga ko vyinshi muri ivyo bikorwa vyo gukubagura vyabaye igihe abasirikare ba Congo barungikwa vy’agateganyo muri ico gisagara gukingira ikibuga c’indege.

Icegera c’umunyamabanga mukuru wa Onu, Anthony Banbury, yavuze ko hari ibimaze kwemezwa ko hari abashika 22 bashurashujwe canke bafashwe ku nguvu n’abasirikare ba Onu muri Centrafrique.

Ivyo gitigiri gishobora kwongerekana, ushizeko abao bashasha.

Mu mwaka uheze, Onu yavuze ko hari igitigiri kinini c’abigeme bari hagati y’imyaka 14 na 16 boba barafashwe ku nguvu n’abakozi ba Georgia baje mu rwego rwa Eu, Eurofor muri Centrafrique.

Umwana w’umwigeme w’imyaka indwi hame n’agahungu k’imyaka icenda, vyavuzwe ko bashurashujwe n’abasirikare b’abafaransa.

Izo nteko zari zarungitswe kuja hagati y’abarwanyi b’abakristu hamwe n’abitwaje ibirwanisho b’aba Islam.