Clinton na Sanders bishuranye bikomeye

clinton and sanders Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Hillay Clinton na Bernie Sanders ni bo basigaye bahiganwa mu mugambwe w'aba democrates

Hillary Clinton na Bernie Sanders bishuranye bikomeye kuvyerekeye abatunzi ba Wall Street no ku bibazo vy’ububanyi n’amahanga, mu kiganiro ca mbere co mu mugambwe w’aba democrats, cahuje abahanganye babiri gusa.

Umupfasoni Clinton yavuze ko Sanders ari umuntu adashobora gushira mu ngiro ivyo agwanira.

Sanders na we avuga ko Clinton afise uruhara cane muri politike ihari ubu muri Amerika, ko rero ata co ashobora guhindura.

Ico kiganiro co kuri television cabereye mu ntara ya New Hampshire, cari kibaye ica mbere kuva hasigaye abahiganwa babiri muri uwo mugambwe muri iyi ndwi.

Kuba ata muntu agira gatatu yari ahari, itandukaniro rya politike y’abo bantu babiri ryagiye ahagaragara.

Uwo yahoze ari umunyamabanga wa Amerika ajejwe imigenderanire yavuze ko ivyo Bernie Sanders ashira imbere nk’umugambi wo kuvura abantu bose, bizimvye gose ku buryo adashobora kubishira mu ngiro.

Yishuye kandi ashavuye cane igihe uwo bahanganye yashaka kwerekana ko ari umuntu akorana n’abatunzi ba Wall Street kuko amahera yose yo kwiyamamaza ari yo yavuze hamwe n’ayandi yatojeje ku bantu bari bitavye ubutumire bwo gusangira nawe ku mugoroba aho yaciye ashikiririza ijambo.

“Igihe kirageze, aho wewe n’abantu bawe bagufasha mu kwiyamamaza muhagarika kuncafuza” ni ko yavuze.

Sanders, umukenguzamateka w’intara ya Vermont, yakoresheje kandi intambara ya Irak, yagiriza umupfasoni Clinton ko yayishigikiye.

Umupfasoni Clinton na we yagumye yerekana ko Sanders ata bintu vyinshi azi ku bubanyi n’amakungu.

Ico kiganiro kibaye imbere y’imisi itanu ngo habe amatora agira kabiri y’imigambwe yo gutora uwuzoyiserukira mu matora y’umukuru w’igihugu, aho I New Hampshire ku wa 9 ukwezi kwa kabiri.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Clinton yahoze ari umunyamabanga wa Amerika w'imigenderanire yarushije amajwi make Sanders i Iowa

N’aho bahanganye cane ku migambi bafitiye abanyagihugu, bahejeje berekana ubugenzi, aho umupfasoni Clinton yavuze ko, umuntu wa mbere azohamagara mu gihe yotorerwa guserukira umugambwe wiwe mu matora y’umukuru w’igihugu ari Sanders.

Ico kiganiro cari kibaye icambere kititabwe n’umukuru w’intara ya Maryland, Martin O’Malley, yivanye mw’ihiganwa, inyuma yo gutsindwa cane mu matora y’I Iowa.

Umupfasoni Clinton yarushije amajwi make cane Sanders, mu gihe O’Malley yaje mu kibanza ca nyuma cane.

Sanders ni we ahabwa amahirwe yo gutsinda I New Hampshire, intara ihana urubibe n’iyo aserukira mu nama nkenguzamateka ya Vermont.

Amatora y’umukuru w’igihugu muri Amerika ategekanijwe mu kwezi kwa cumi na rimwe.