Prezida Mugabe yatangaje akaga k'inzara

zimbabwe hunger Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Igisata c'uburimyi ni co kibangamiwe cane

Umukuru w’igihugu wa Zimbabwe, Robert Mugabe, yavuze ko inzara iri muri ico gihugu co muri afrika y’ubumanuko, ko ari akaga ku gihugu.

Ico gihugu ntikiraronka imvura ikwiye kuva mu mwaka uheze, abantu na bo bashika ku miliyoni 1.5 barakeneye imfashanyo y’imfungurwa, nk’uko bivugwa na Onu.

Ibikoko ibihumbi n’ibihumbi biramaze kubura ubuzima kubera iryo bura ry’imvura.

Image caption Ibikoko ibihumbi n'ibihumbi biramaze kubura ubuzima kubera ukubura imvura

Iryo tangazo rya prezida Mugabe, rishowe inyuma y’imisi mike gusa ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya(EU), kumusaba ko yotangaza ko iyo nzara ari akaga ku gihugu, kugira ngo amashirahamwe atanga imfashanyo yegeranye intererano y’amahera yo gufasha abanyagihugu ba Zimpabwe vyihuta.

Reta yasavye abanyagihugu kutagira ubwoba, ivuga ko hariho amasezerano yo kugura amatoni menshi y’ibigori mu gihugu kibanyi ca Zambia.

Igisata c’uburimyi ni co camerewe nabi cane, abarimyi b’itabi n’ipampa bakaba barabuze umwimbu.

Mu kwezi kw’icumi kw’umwaka uheze, Onu yasavye amahera yihuta y’amadollars imilioni 86, yo kugura imfungurwa yo gufasha Zimbabwe.

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Abarimyi b'itabi n'ipampa ntibaronse umwimbu ukwiye

Ico gihugu kiguma kironka imfashanyo y’imfungurwa kuva igisata c’uburimyi kigize ibibazo mu mwaka 2001.

Aho ni kuva aho prezida Mugabe asabiye ko abazungu bava mu matongo barimwo.

Hari igihe abantu imiliyoni 7 bakenera imfashanyo y’imfungurwa yihuta.