Umurundikazi yashatse kwicwa n'umugabo, abo yatumye baramukiza

noela
Image caption Noela Rukundo

Haraheze umwaka, habaye umugwi w’abagabo bitwaje inkoho mu Burundi, barishwe kugira bice umupfasoni umwe yari yaje muri ico gihugu avuye muri Australia.

Ariko ibintu ntivyagenze uko bari babiteguye, bamusize akomeye, aca aronka akaryo ko guhangana n’umugabo yashaka kumwicisha.

“Niyumvise nk’umuntu azutse kandi,” uko ni ko Noela Rukundo avuga.

Yategerezwa kuba yapfuye, abo bicanyi bari bahawe amahera, baranasiguye uko bari guta ikiziga.

Ariko, ahagaze hanze arindiriye abantu banyuma baje kugandara bataha, yari yiteguye guhangana n’uwo mugabo yari yagize amasezerano yo kumugandagura.

“Nk’iva mu modoka,yambonye nkiri kure, aca ashira amaboko mu mutweavuga ngo,’Aya n’amaso yanje? Coba ari igisigo’”

“Igitangaro! Ndacariho!” ni ko yishuye. Hari haheze imisi itanu ivyo vyari vyashikiye Noela bibaye mu gihugu ciwe c’amavukiro, I Burundi.

Yari yasubiye muri Afrika avuye aho aba I Melbourne, mu gihugu ca Astralia, agiye ku maziko y’umupfasoni yamureze.

“Nari mpejeje kubura umuntu wa nyuma nita ‘Mawe’, nk’uko abandanya abivuga.

“Vyari bibabaje, nari nataye umutwe.”

Ku kagoroba, Noela yagiye kwiherera mu cumba c’ihotel. Mu gihe yariko arigorora muri ubwo bushuhe bw’I Bujumbura, telefone yiwe yaravuze.

Yari numero yo muri Australia-ya Balenga Kalala, umugabo wiwe akaba na se w’abana biwe batatu bakiri bato.

“Yavuga ko yari yagumye agerageza ko tuvugana umusi wose,” nk’uko Noela abivuga. “Ndamubwira ko nari nagiye mu gitanda. Aca ambwira,’Mu gitanda? Kubera iki uryama kare gutyo?’

“Ndamubwira, “ Numva ntanezerewe’. Hanyuma aca amabaza, ‘ikirere kimeze gute? Harashushe cane gose?’ aca ambwira kuja hanze gufata akayaga.” Noela yarumvise impanuro ziwe.

“Nta kindi niyumviriye, niyumviriye gusa ko anyitwararitse, ko yari yagize ubwoba.”

Ariko agihonyoza ikirenge hanze y’uruzitiro rw’ihoteli, Noela yisanze mu ngorane.

“Naruguruye urugi nca mbona umugabo aje agana aho ndi, hanyuma aca amfatirako inkoho.”

“Yambwiye gusa, ‘Ntukakaze. Utanguye gukoma induru, nca ndakurasa. Baraza kumfata, ariko wewe? Uzoba wamaze gupfa.’

“Naciye nkurikiza ivyo ambwiye.”

Uwo mugabo afise inkoho yaravuze izina Noel mu modoka yari ibarindiriye.

“Nari nicaye hagati y’abagabo babiri. Umwe yari afise inkoho ntoyi, uwundi ndende. Hanyuma abo bagabo babwira umushoferi, ‘duhereze igitambara.’ Hanyuma baca bampfuka mu maso.

“Inyuma y’ivyo, nta kintu nongeye kuvuga. Babwiye gusa umushoferi ngo ‘hogi tugende.’”

“Bari bantwaye ahantu, iminota 30 gushika 40 gutyo, hanyuma nza numva imodoka irahagaze.”

Noel baciye bamuhindira mu nzu hantuma bamubohera ku ntebe.

“Umwe muri abo banyuruje aca abwira mugenzi we,’ Genda uhamagare boss.’ Narumva imiryango yuguruka ariko sinamenye nimba boss wabo yoba ari mu cumba canke aza kuza ava hanze.”

“Barambaza, ‘ N’igiki wagize uyu mugabo? Kubera iki uyu mugabo yadusavye kukwica? Hanyuma ndababwira, ‘ Uwuhe mugabo? Kuko nta ngorane n’imwe mfitaniye n’umuntu’Baca bavuga, ‘Umugabo wawe!’ nca ndavuga, ‘Umugabo wanje ntashobora kunyica, murabesha!’ Hanyuma baca bampa ikofe.

“Inyuma y’aho boss aca avuga, ‘Uri ikijuju, uri umusazi. Reka mpamagare uwaduhaye amahera kugira tukwice.”

Uwo mukuru w’abo bicanyi aca arahamagara.

“Twamaze kumufata,” ni ko yabwiye uwabemereye kubariha n’akamwemwe kenshi.

Telefone bari bayidugije ijwi kugira Noela inyishu.

Ijwi ry’umugabo wiwe rica rivuga riti:”Mwice.”

Mu masaha make y’imbere, iryo jwi nyene ryari ryamuhojeje ku rupfu rw’umupfasoni yamureze, rinamusaba gusohoka gufata akayaga hanze y’ihoteli. Ubu umugabo wiwe Balenga Kalala amuciriye urwo gupfa.

“Narumvise ijwi ryiwe. Naramwumvise. Numva umenga umutwe wosaduka.

“Hanyuma baca baramusigurira aho baza guta ikiziga canje.”

Ahejeje kwumva ivyo Noela yaciye araba.

Balenga Kalala yavukiye muri RDC , akaba yashitse muri Australia mu 2004 nk’impunzi, inyuma yo guhunga abitwaje ibirwanisho bari bateye mu kigwati yabamwo bica umugore wiwe n’umwana wiwe w’umuhungu akiri muto.

Yashikiye I Melbourne, aho yaciye aronka akazi keza, ubwa mbere mw’ihinguriro ry’ivyamwa vyo mu mazi, hanyuma mu nzu badandarizamwo aho yakora ivyuma bifasa kwikorera ibintu(Chariot).

“Yarashobora kwisigura mu congereza.” Nk’uko Noela avyibuka, yashitse muri Australia na we nyene muri uwo mwaka wa 2004.” Imfashanyo yanje yari imfashanyo yiwe, baranamukoresheje mu gusigura igiswahili.”

Ko ari babiri baciye bakundana. Baca baja kubana mu micungararo y’igisagara ca Kings Park. Noela yari afise abana batanu bo ku mugabo wa mbere, hanyuma aca avyarana na Kalala abandi batatu.

“Ndazi ko ari umugabo akara,” uko ni ko Noela avyemeza. “Ariko sinumva ko yonyica. Narakunze uyu mugabo n’umutima wanje wose!”

“Namuvyariye abana b’abahungu babiri, n’ymukobwa umwe, beza cane. Sinumva rero icatumye ahitamwo kunyica.”

Igihe umukuru w’ako kagwi yariko araheraheza kuvugira kuri telefone, Noela yariko ararabuka.

“Naciye nibwira nti, ari ugupfa napfuye. Nta kintu a kimwe nokora ngo kintabare.”

“ariko yaciye andaba hanyuma aca avuga, ‘Ntitukwica. Ntitwica abana n’abagore.’

“Yambwiye ko ndi ikijuju kuko umugabo wawe yabarishe amahera ya mbere mu kwezi kwa cumi na rimwe. Hanyuma igihe naza muri Afrika hari mu kwezi kwa mbere.

Aca ambaza, ‘Uri ikijuju kimeze gute, kuva mu kwa cumi na rimwe ntiwashobora kubona ko hari ikintu kitagenda neza?”

Arashobora kuba ari umuntu akpora ivyo azi, kuko umukuru wako kagwi yaboneyeho akaryo ko gusaba ayandi mahera menshi Kalala. Yaramuhamagaye amubwira ko amahera yo kunyica yongerekanye. Yashaka ayandi madollars yo muri Australia 3,400, kugira aheze akazi yamuhaye.

Agarutse mw’ihoteli, musazawe yari yatanguye kugira amakenga kw’ibura ryiwe. Yarahamagaye Kalala muri Australia amusaba $545 yo kuriha abapolisi kugira batangure amatohoza, Kalala yaciye yigirisha ko nawe bimubabaje, aranatanga ayo mahera.

Inyuma y’imisi ibiri, Noela yararekuwe.

“Tuguhaye amasaha 80 ngo ube wavuye muri iki gihugu,” Noela avuga ko ariko abo bicanyi bamubwiye. “Umugabo wawe ntafyina. Dushobora kukureka, ariko abandi bo bashobora kutakureka. Imana igufashije ushobora gushika muri Australia.”

Imbere y’uko barekurira Noela ku mpande y’ibarabara, ako kagwi kahaye Noela ivyemeza bibaza ko bizomufasha kwitwarira Kalala-agakarata ko mw’itelefone kariko ibiganiro bagiriraniye baharira ku mahera yobariha, n’urupapuro batoreyeko amahera muri western Union.

“Dushaka gusa ko usubira iwanyu, kubwira abandi bagore b’ibijuju nkawe ivyagushikiye.” Ni ko bamubwiye bagiye. “Mutegerezwa kuhakura icirwa mwebwe mwa bantu mwe mwaronse amahirwe muja hanze kurondera ubuzima bwiza. Amahera mukorera, amahera reta ibaha, muyakoresha mu kwicana hagati yanyu!”

Ubwo nyene Noela yaciye atangura gutegura gusubira inyuma muri Australia. Yaciye ahamagara pasitori w’ishengero ryiwe I Malbourne, Dassano Harruno Nantogmah, hanyuma amusaba kumufasha.

“Hari mu gicugu. Ndamubwira, ’ni jewe, ndacariho, ntihagire n’umwe ubibwira. ‘aca avuga, ‘Noela, Sindavyemera. Balenga ntashobora kwica umuntu!’ nanje ndavuga, ‘Pasito, nyemera!”

Ijwi ryiwe ryaguma rigaruka mw’ijoro-‘Mwice, Mwice’ Noela Rukundo.

Imisi itatu ikurikira, ku mugoroba w’itariki 22 ukwezi kwa kabiri 2005, Noela yari ashitse I Melbourne.

Ico gihe, Kalala yari yari yabwiye abantu bose ko umugore wiwe yitavye Imana agize isanganya.

Yari yamaze uwo musi yakira abantu baza kumugarukirako, benshi muri bo batanga n’amahera.

“Hari nka 7.30 z’ijoro,” mk’uko Noela abivuga. “Yari imbere y’inzu. Abantu bari mu nzu bagandaye, nawe yaraherekeje abatashe ku modoka.”

Hamwe bagiye ni ho Noela yamwiyereka.

”Narahagaze ndamuraba gusa. Yaragize ubwoba, ntiyavyumva. Hanyuma aca atangura gutambuka aza iyo ndi, asoboka nk’uko umenga ariko arahonyora ku bicupacupa.”

“Yagumye yivugana hanyuma anshikiriye, yankoze ku bitugu. Aca arasimba.”

Arasubira kandi. Arasimba. Hanyuma aca avuga, ‘Noela ni wwe?’ …hanyuma aca atangura gukoma induru, ‘Ndasavye imbabazi kuvyo nakoze vyose.”

Noella yaciye ahamagara igipolisi caciye gitegeka kudahonyoza ukuguru aho aba, hanyuma munyuma aranamutsinda mu rubanza. Mu misi yakurikiye, igipolisi categetse Noela guhamagara Kalala. Kalala aremera ivyo yakoreye umugore vyose, barabifata, aramusaba imbabazi yongera aranavuga icari cabimutumye.

“Yavuze ko yashaka kunyica kubera yapfushe, “ uko ni ko Noela avuga, “ Yibaza ko nshaka kumuheba nkaja ku wundi mugabo.”

Noela ntiyemera ivyo amwagiriza.

Igipolisi kiriko kiramubaza, Kalala yarahakanye ko ata ruhara yagize mu gutegura kumwica. “Icitwazo” umucamanza ni ko yanditse mu rubanza rwo mu kwezi kwa cumi na kabiri, “rwamaze amasaha menshi.” Ariko bamwumvishije ivyo bafashe yiyemerera ivyo yakoze igihe baganira na Noala kuri telefone, n’ibindi vyemeza yaje akuye mu Burundi, yaciye atangura kurira.

Kalala yaciye ananirwa gusubira gutanga insiguro n’imwe ku vyo yakoze, avuga gusa ko “Rimwe na rimwe shetani iza mu muntu kugira akore ibintu ariko ahajeje kubikora, agaca atangura kwiyumvira, “Kubera iki nakoze ibintu nk’ivyo?”

Itariki 11 ukwezi kwa cumi na kabiri, mu mwaka uheze, muri sentare ya Melbourne, ahejeje kwiyemerera icaha co gutuma kwica, Kalala yaciriwe urubanza rwo gupfungwa imyaka 9.

“Ijwi ryiwe riguma riza mw’ijoro-‘Mwice, mwice,”uko ni ko Noela avuga, mu ndoto yama agira. “Buri ijoro, ndabona ivyashitse muri iyo misi ibiri twamaranye n’abanyuruje.”

Mu gihe atabonwa neza mu banyafrika baba I Melbpourne, bamwe bamwagiriza ko yapfungishije Kalala, Noela abona ko kazoza kiwe n’ako abana biwe umunani katoroshe.

“Ariko nzova hasi nk’umupfasoni akomeye,” uko ni ko avuga.

“Uko merewe ubu, kahise kanje? Vyarahise. Ndiko ndatangura ubuzima bushasha ubu.