Igitigiri kinini c'impunzi ku rubibe rwa Turkia

turkey
Image caption Hari igitigiri kinini c'impunzi zabanye Syria ku rubibe basangiye na Turkia

Igitigiri c’abanye Syria bagerageza kwinjira muri Turkia kubera intambara yasubiye gusutama mu buraruko bwa Syria cagwijwe na kabiri, nk’uko bivugwa n’abategetsi ba Turkia.

Umukuru w’intara ya Kilis iri ku rubibe, avuga ko impunzi 35,000bashitse ku rubibe, abashika 20,000 bakaba bashitse ku wa gatanu.

Turkia kivuga ko citeguye gufasha izo munzi ariko ko urubibe ruguma rwugaye.

Bahunga ibitero vy’abasirikare ba Syria ku birindiro vy’abatavuga rumwe na reta hagufi y’uburaruko bw’igisagara ca Alep.

Mu misi mike iheze, igisirikare ca Syria, bafashajwe n’ibitero vyo mu kirere vy’abarussia barateye intambwe iboka mu micungararoy’ico gisagara kinini ca Syria.