Nyamugigima cabomoye inzu y'igorofa 17

taiwan Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Nyamugigima muri Taiwan

Mu bumanuko bw’igihugu ca Taiwan habaye ca nyamugigima gikomeye gisenyura inzu imwe ifise igorofa 17, aho gushika ubu bivugwa ko abantu batatu bitavye Imana.

Ico canyamugigima cari gifise igipimo ca Ritcher 6.4 cumvikanya mu gisagara ca Tainan.

Abantu barenga 200 batabawe babakura muri iyo nzu, n’aho abajejwe gutabara bakibandanya kugerageza gushikira abandi vyibazwa ko babuze aho baca bari musi y’ibisigarira vy’iyo nyubakwa.

Ico canyamugigima cabaye mw’ijoro hagati, mu gihe abantu benshi bari baryamye.

Habaye ibindi vya nyamugigima bito bito inyuma y’ico gikomeye.

Igisata kijejwe ibibazo c’ubutaka kivuga koi co ca nyamugigima cabaye amaja hejuru gusa, ari na co gituma cononye ibintu vyinshi.