Korea ya ruguru yarashe missile kandi bibujijwe

north korea Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Television ya Korea ya ruguru ni yo yamenyesheje ico gihugu cateye ibisase vya rocket bishika kure

Korea ya ruguru yateye igisasu ca Rocket gishika kure, bivugwako ari igeragezwa rya missile bisanzwe bibujijwe.

Television ya reta yavuze ko Korea ya ruguru ko igikorwa co gushira ikigendajuru mu kirere cagenze neza cane.

Ico gikorwa ciyamirijwe n’Ubuyapani, Korea y’epfo na Amerika, basavye ko hokorana inama yihuta y’akanama ka Onu kajejwe umutekano ku mugoroba w’uyu musi w’Imana.

Korea y’epfo ivuga ko yatanguye ibiganirona Amerika kugira bubake ivyuma vyo kwikingira ibitero vya Missile.

Umutegetsi akomeye wa gisirikare, Ryu Je-Seung yavuze ko ubuhinga bwa THAAD, buzwi ko ari bumwe mu buteye imbere cane kw’isi, bushobora gukoreshwa gusa mu gihe co kwikingira ibitero vya Korea ya ruguru.