Umugwi wa RDC ni wo utahukanye igikombe ca Chan

rdc
Image caption Umugwi wa RDC ni watahukanye igikombe ca Chan

Umugwi wa RDC ni wo utahukanye igikombe ca Chan inyuma yo gutsinda umugwi wa Mali ibitego 3-0 ku kibuga citiwe amahoro, I Kigali mu Rwanda.

Igice ca mbere carangiye ari igitego kimwe ca RDC cinjiye ku munota wa 28’, ku busa bwa Mali, ariko imigwi yose isa n’iyingana.

Mu gice ca Kabiri umugwi wa RDC winjije ibindi bitsindo 2, kimwe ku munota wa 61’ ikindi ku munota wa 73’.

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Mali mu kibanza ca kabiri

Ibitsindo bibiri vya mbere, vyose vyinjijwe n’umukinyi akiri muto Elia Meschak.

Ica gatatu cinjijwe na Bolingi ahawe umupira na Lomalisa.

Umugwi wa RDC ubaye uwa mbere utwaye ico gikombe ubugira 2, ukaba waheruka kugitwara muri 2009.

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Cote d'Ivoire yatahukanye ikibanza ca gatatu

Mu rukino rwo kurondera ikibanza ca gatatu, Cote d’Ivoire yakuyemwo Guinee ku bitsindo 2-1.

Ihiganwa rya Chan ryari rimaze indwi zitatu ririko rirabera mu gihugu c’Urwanda.