Uruzitiro rwo gukinga iterabwoba muri Tunisia

tunisia barrier Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Urwo ruzitiro rugizwe n'ibirundo vy'umusenyi n'ibinogo vy'amazi

Igihugu ca Tunisia kivuga ko cahejeje kwubaka igice ca mbere c’ibirometero 200 c’uruzitiro ku rubibe bahana na Libya, mu ntumbero yo gutuza iterabwoba. Urwo ruzitiro rugizwe n’ibirundo vy’umusenyi hamwe n’ibinogo vy’amazi.

Vyari vyamenyekanye mw’ici riheze ko abantu 38 biciwe ku musenyi n’umuntu yitwaje inkoho bivugwa ko yari yagiriye imyimenyerezo mu gihugu ca Libya.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Tunisia yavuze ko ikindi gice c’uwo mugambi gishobora gukoreshwa ivyuma birimwo umuyagankuba bazohabwa n’Ubudagi hamwe na Amerika.

Abajejwe umutekano bavuga ko, iyo bariyeri ifise intumbero yo kubuza imodoka kurengana, imaze gufasha mu kurwanya abinjira muri ico gihugu badakurikije amategeko.

“Uyu musi turahejeje kuhugara, kandi ibi bizodufasha gukingira urubibe rwacu, bihagarike n’ibitugeramiye,” uko ni koumushikiranganji wo kwivuna abansi, Farhat Horchani yavuze ku musi wa gatandatu.

Uwufise ububasha kw’isanamu epa
Image caption Abajejwe umutekano bavuga ko urwo ruzitiro rumaze kugabanya igitigira c'abaza muri Tunisia badakurikije amategeko

Abanye Tunisia barenga 3,000 baramaze kuja kwifatanya n’umugwi wa Islamic State(IS) hamwe n’iyindi migwi y’abarwanyi iri mu gihugu ca Syria na Irak, ariko Hochani yavuze ko benshi bagarutse kugira baje mu migwi yo muri Libya.

Igihugu ca Libya kirangwamwo umutekano muke kuva hatembagajwe ku butegetsi prezida Muammar Kadafi mu 2011, ubu nah o kikaba gitwarwa na reta zibiri zitabonana.

IS yigaruriye igisagara ca Sirte, aho prezida Kadafi avuka, mu mwaka uheze.