Kenya ishobora kutitaba inkino za Olympique

kenya athletics

Kenya ishobora kwikura mu mahiganwa ya Olympique ategekanijwe kubera mu gihugu ca Bresil, mu gihe hatotorwa inyishu yihuta yo kurwanya umugera wa Zika.

Umukuru w’akanama ka Olympique mu gihugu ca Kenya, Kipchoge Keino, bamwumvise avuga ko bishoboka koi co gihugu ca mbere mu kwinonora imitsi, gishobora kwivana muri iryo higanwa kugira bakingire abanonotsi babo kwandukirwa n’umugera wa Zika, umaze gukwiragira muri Bresil.

“Ntidushobora kujana abanonotsi bacu muri Bresil, mu gihe uwo mugera wa Zika utoranduranwa n’imizi” ni ko Kipchoge Keino yavuze.

Iyo ngwara yarateye umutima uhagaze inyuma y’aho bayitoreye mu mate no mu ntuguta vy’umuntu yandukijwe.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Umunonotsi wa Kenya Wesley Korir

Nta muti uhari wo kuvura iyo ngwara muri kino gihe, nta n’urucanco uretse kwirinda kuribwa n’umubu.

Comite mpuzamakungu ya Olympique, IOC, ivuga ko ibandanya guhanahana ivyiyumviro n’akanama kajejwe gutegura ihiganwa ry’I Rio 2016, mu kwihweza uko iyo ngwara iguma ikwiragira.

Bresil ivuga ko uturere tuzoberamwo higanwa rya Olympique, tuzoguma tugenzurwa buri musi gushika ku musi ayo mahiganwa azotangurira.

Kenya ni co gihugu ca mbere mu kwinonora imitsi kw’isi, mu gihe rero yokwikura muri iryo higanwa, bizoca vyibonekekeza.