Obama aridogera wi-fi muri White House

white house Uwufise ububasha kw’isanamu bbc
Image caption Wi-fi(Connection) ntimeze neza muri White house

Umukuru w’igihugu ca Amerika, Barack Obama yidogeye uko wi-fi(connection) imeze ku kirimba iwe White House, aho yariko arabazwa kuri television.

“Hari ahantu henshi cane hatagira wi-fi,” uko ni ko prezida Obama yabishize ahabona imbere y’urukino rwa Super Bowl, kuri television ya CBS.

“Biratera ingorane cane,” uko ni ko umupfasoni wiwe Michelle yongeyeko, yavuze ko abakobwa babo Malian na Sasha bibabaza cane.

Mu bisanzwe, Obama atanga ico kiganiro kuri television imbere urwo rukino rukomeye muri ico gihugu rutangura.

Prezida Obama yongeyeko ko yagerageje kwongereza uko wi-fi yokora neza kuri “bagenzi we bazokwinjira ku kirimba(white house)”.

Obama yagiye ajanye n’umupfasoni wiwe muri ico kiganiro, ku ncuro ya mbere. .