Ifarasi iramenya ko umuntu ashavuye canke anezerewe

horse Uwufise ububasha kw’isanamu Thinkstock
Image caption Ifarasi

Ifarasi irashobora gutandukanya umuntu ashavuye n’uwunezerewe iravye gusa mu maso y’umuntu, nk’uko ubushakashatsi bubivuga.

Mw’igeragezwa, hakoreshejwe ifoto y’umugabo, abahinga bo muri kaminuza ya Sussex, barerekanye ko ifarasi zororerwa muhira, zibabazwa n’amasura ashavuye.

Abo bahinga bavuga ko ubwo bworozi bwafashije ifarasi kumenya imigenzo y’abantu.

Ivyavuye muri iryo geragezwa vyanditswe mu kinyamakura ca Biology Letters.

Uwo mugwi waragerageje gupima mukuzana amafoto menshi imbere y’ifarasi 28.

“Umuntu umwe afashe ifarasi mu gihe uwundi afashe ifoto” Amy Smith yariko arasigura.

Icavuyemwo n’uko izo farasi zarabishije ijisho ry’ibubamfu umuntu vyaboneka ko ashavuye.

Ubwenge bw’ibikoko bukozwe ku buryo ibivuye mu jisho ry’ibubamfu vyigwa n’igice c’ubwonko c’I buryo, gikoreshwa mu kuraba ibintu bibi.

Abo bahinga kandi bashize ibipimo vy’umutima mu mitima w’izo farasi, bica vyerekana ko amaso ashavuye atuma imitima y’ivyo bikoko yiruka cane.

Ivyo kandi biravugwa mu mbwa, ku buryo vyazanye ikibazo co kumenya ingene kubana n’abantu bihindura inyifato y’ivyo bikoko.