Inkurikizi zo kuvyara ukuze ku mugabo

scientist Uwufise ububasha kw’isanamu bbc
Image caption Umuhinga

Imbuto zo mu matengatwa y’umuntu igihe ariko arasaza, ziratuma havuka abana bafise ubumuga.

Amamiliyoni n’amamiliyoni y’uduce dufasha kugira haboneke izo mbuto, dutuma haboneka imbuto nyinshi za kigabo mu matengatwa.

Ariko ubwo bushakashatsi bwo muri kaminuza ya Oxford, mu gihugu c’Ubwongereza, bwerekana ko izo mbuto zikura zivyimba zigatuma imbuto nyinshi za kigabo zigira agahaze.

Abahinga bavuga ko abubakanye bategerezwa kuronka abana mu buzima bwabo hakiri kare.

Ingwara nyinshi harimwo n’izo mu mutwe z’abana bandukiwe na schizophrénie, zirashika cane mu gihe abagabo bafise imyaka myinshi kubera ukugira imbuto nyinshi mu matengatwa zifise agahaze.

Uwufise ububasha kw’isanamu Science Photo Library
Image caption Imbuto z'umugabo

Ingaruka mbi ikomeye y’iyo ngwara, n’uko ifata abana bane ku bana 200, gushika kuri batanu kuri 200 bose hamwe , igihe umugabo arengeje imyaka 50.

Ubwo bushakashatsi, bwanditswe muri kaminuza mpuzamakungu y’ubuhinga, bwagizwe ku matengatwa 14, y’abagabo bafise imyaka iri hagati ya 39 na 90.

Ivyo bihimba nta ngorane vyari bifise, vyari vyakuweko kubera izindi mvo.

Abahinga bararavye imbere muri ayo matengatwa kugira barabe ahava izo mbuto za kigabo.

Ibipimo vya ADN muri utwo duce dufise agahaze basanze havuka imbuto ziza zifise utunenge, bitumwe n’uko ibintu bimwe bimwe vyifashe mu mubiri w’umuntu.

Uwufise ububasha kw’isanamu Science Photo Library
Image caption imbuto z'umugabo

Izo ngorane zijanye na cancer, hamwe n’ukudakura neza co kimwe n’ingene zigenda zivuka mu matengatwa.

Izo ngorane ahanini zonona abana zituma havuka imbuto nyinshi cane, bigatuma imbuto yinshi muri izo zigira utunenge.