Amashure yugaye i Bangalore kubera ingwe

Amashure arenga 100, yugaye mu gihugu c’Ubuhinde inyuma y’aho ingwe imwe ibonekeye mu micungararo y’igisagara ca Bangalore.

Aba muri gisagara basabwe kudasohoka ku mvo z’umutekano wabo.

Igipolisi n’abajejwe umutekano w’amashamba bariko barahiga ico gikoko.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reproducao
Image caption Ingwe ziri mu Buhinde zishaka 14,000

Ingwe y’ingabo mw’ishure rimwe ku musi wa Mungu, ikomeretsa abantu batandatu bariko baragerageza kuyifata.

Umuhinga n’umukozi wo mw’ishamba ni bamwe mu bakomerekejwe mu gikorwa co gufata ico gikoko camaze amasaha 10.

Bivugwa ko babonye iyo ngwe iri kumwe n’umukozi yubaka ku musi wa gatatu, mu karere ka Nallurhalli, hafi ya Whitefield, nk’uko bivugwa n’umumenyeshamakuru wa BBC mu gisata c’Igihindi abivuga.

“Turashigikiye imigwi y’igi[polisi n’abakozi b’ishamba bazungurutse ako karere barondera iyo ngwe. Ariko gushika ubu, nta kimenyetso turabona c’aho yoba iri,” uko ni ko umutegetsi mukuru mu kubungabunga amashamba abamwo ibikoko mu ntara ya Karnataka Ravi Ralph yavuze.

Uwufise ububasha kw’isanamu Kashif Masood
Image caption Iyo ngwe yakomerekeje abantu batandatu

Ku musi wa kane, reta y’iyo ntara yafashe ingingo yo kugara amashure 129, harimwo 53 za reta.

“Turafata ingingo uyu musi ku mugoroba nimba amashure abandanya gufungwa no kuwa gatanu. Turindiriye ingingo ziza gufatwa n’abarinda amashamba hamwe n’igipolisi,” nk’uko vyavuzwe na Satyamurty asrukira reta."

Amatohoza aherutse gukorwa muri ico gihugu yerekanye ko hari ingwe zigera ku 14,000 mu gihugu c’Ubuhinde.