Kuganira ku kibazo co gukubagura abapfasoni muri Iran

sheena shirani Uwufise ububasha kw’isanamu Sheena ShiraniFacebook
Image caption Sheena Shirani yahoze ari umumenyeshamakuru kuri Press TV

Ibivugwa ko habaye ugukubagurwa mu kigo ca television imwe yo mu gihugu ca Iran, vyatumye abakenyezi b’aho bava mu gacerere, batangura kuvugana ico kibazo, mu bisanzwe kibujijwe mu migenzo y’anbo.

Sheena Shirani, asoma amakuru kuri television ya Press TV, ikoresha ururimi rw’icongereza, yaramenye iryo banga mu gushira ahabona ko yakubaguwe na babiri mu barongoye iyo television igihe kirekire.

Uwufise ububasha kw’isanamu Facebook Sheena Shirani

Ivyo vyarashizwe ahabona igihe yashira ku rubuga ngurukanabumenyi ivyo baganiriye kuri telefone n’uwo avuga ko amutwara ku kazi, Hamad Reza Emadi, amusaba kenshi ko boryamana.

Kubera ivyo vyashitse, Shirani yaciye aheba akazi, aca ava muri ico gihugu, hanyuma aca yandikisha yifata amajwi amaze kwumvirizwa incuro zirenga 120,000 kuri facebook yiwe, no mu kinyamakuru kimwe gikorera hanze y’ico gihugu.

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Sheena Shirani ariko asoma amakuru

Yaciye kandi yandika uko bagiye barishurana na Emadi, aho yamusaba gufuta ayo majwi ku mbuga ngurukanabumenyi.