Jacob Zuma yaciwe mw'ijambo akatari gake

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Prezida Zuma yari aramutse ashikiriza ijambo ku kuntu igihugu cifashe

Habaye akajagari gakomeye mu nama nshingamateka ya Afrika y'epfo igihe umukuru w'igihugu Jacob Zuma yashikiriza ijambo ku gihugu.

Bwana Zuma yari aramutse ashikiriza ijambo mu muhango uba buri mwaka, State of the Nation, aho adondagura uko igihugu gihagaze.

Abanye politike batavuga rumwe na leta batovye kenshi iryo jambo.

Abo mu mugambwe Economic Freedom Fighters baguma basaba umukuru w'inama nshingamateka kubumviriza, baca batangura kunenga umukuru w'igihugu.

Kenshi bwana Zuma yabwirijwe kuva mu kibanza kiri imbere aho yariko ashikiriza ijambo ahagaze, mu nyuma umukuru w'inama nshingamateka ategeka ko abo mu mugambwe EFF basohoka.

Kare, hanze y'inyubakwa ikoreramwo inama nshingamateka, abapolisi bateye grenade z'urusaku abari mu myiyerekano.

Imyigaragamvyo yatewe n'ivyagiriji vy'uko igiturire cimonogoje muri leta hamwe n'amahera ya leta yakoreshejwe n'umukuru w'igihugu Zuma mu gusanura inzu yiwe bwite.