Umupfasoni wa Netanyahu aratuka abakozi biwe

israel Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Umupfasoni wa Benjamin Netanyahu, Sara

Umupfasoni w’umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu, Sara yaratutse aranafata nabi abakozi biwe bo muhira, nk’uko bivugwa na sentare imwe uwahoze arongoye abandi bakozi yitwayemwo.

Iyo sentare yarakiriye urubanza rwa Meni Naftali rw’uko yamututse nabi cane, hanyuma yemera kumuriha amadolars 43,000 y’akababaro.

Bavuga ko inzigo y’umupfasoni wa Netanyahu yagize ingaruka mbi ku kungene abakozi bakora akazi.

Umupfasoni wa Netanyahu yavuze ko ivyo yavuga bwari ububeshi, ko bakorana neza n’abakozi biwe.

Ibiro vy’umushikiranganji wa mbere nta co biravuga kuri ivyo bivugwa.

Urubanza rwari rwabaye ubwa mbere rw’aho yari yatutse umuntu adandaza mw’iduka, rwaciwe rutiriwe ruraja muri sentare.