Amasezerano yo guhagarika intamabara muri Syria

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Sergei Lavrov na Jonh Kerry bari muri ivyo biganiro vyabereye i Munich

Ibihugu bikomakomeye kw’isi bashitse ku masezerano yo guhagarika intambara mu gihugu ca Syria, azotangura gushirwa mu ngiro mu kiringo c’indwi imwe.

Ayo masezerano yashitsweko mu biganiro vyabereye mu Budagi.

Ayo masezerano ariko ntiyerekeye imigwi ya IS na Al-Nusra Front.

Abashikiranganji baserukira umugwi w’ibihugu bifasha Syria bumvikanye kandi kwongereza inguvu mu gutanga imfashanyo.

Iryo tangazo ryasohotse mu gihe igisirikare ca Syria gifashijwe n’Uburusiya mu bitero vyo mu kirere, kibandanya gisugereza igisagara ca Alep.

Iyo ntambwe ya gisirikare ishobora gutuma abanyagihugu bari muri ico gisagara cigaruriwe n’abarwanyi babura ayo bacira n’ayo bamira.

Umunyamabanga wa Amerika ajejwe imigenderanire, John Kerry, yavuze ko ayo masezerano yo guhagarika intambara ari meza ariko avuga ko ikibazo ari uko impande zose ziyubahiriza.

“Ico dufise ubu, n’ivyo batwemereye ku rupapuro gusa, mu misi mike iri mbere turarindiriye turabe ko bazobishira mu ngiro,” ni ko yavuze.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Abanyagihugu benshi barataye izabo kubera intambara

N’aho ayo masezerano ahagarikiwe na Amerika hamwe n’Uburusiya, kuyashira mu ngiro bizosaba ko haba ibiganiro n’imigwi igwana mu gihugu ca Syria.

Vyitezwe ko imfashanyo zitangura gushikirizwa abanyagihugu bazungurutswe n’igisirikare muri tumwe mu turere ku musi wa gatanu.

Kerry yasomye iryo tangazo ari kumwe na mugenzi we w’Uburusiya Sergei Lavrov, n’intumwa idasanzwe y’amakungu muri Syria, Staffan de Mistura.

Lavrov avuga ko igituma hoba ukwizera ari uko “Twakoze akazi gakomeye kandi keza uyu musi”.

Icipfuzo c’Uburusiya ca mbere cari uko intambara ihagarara kuva itariki 1 ukwezi kwa gatatu.