Boko Haram ni abanyeshure ba Al-Shabab

boko haram Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umuhari wa Boko Haram uherutse kugira ibitero mu karere ka Yola, mw'ikambi y'abateshejwe izabo.

Abarwanyi biyitirira idini rya Islam, Boko Haram, bagira ubwicanyi bwinshi mu gihugu ca Nigeria, bigishijwe ububegito na Al-Shabab muri Somalia.

Prezida wa Somalia, Hassan Sheikh Mohamud yavuze ko afise ivyemeza ko abo bagwanyi ba Boko Haram bigishijwe ubwicanyi muri ico gihugu.

“Abitwaje iterabwoba bafitaniye imigenderanire kandi barafashanya mu buryo bwo kusasika inganda” nk’uko prezida Mohamud yavuze.

“Amakungu ta kindi yokora Atari ugufasha Somalia kurwanya Al-Shabab” nk’uko abandanya abivuga.

“Turafise ivyemeza bikomeye ko Boko Haram ari abanyeshure ba Al Shabab.”

“Mu gihe Somalia yoronka amahoro, nta nkeka ko Afrika yose izoca ironka amahoro.”

Prezida Hassan Sheikh Mohamud, yavuze ivyo ariko arashikiriza ijambo mu nama y’umutekano mpuzamakungu yarangiye mu gisagara ca Munich, mu Budagi ku musi w’Imana.